Rugazi: Umwigisha yahonzwe ikibuye mu mutwe n’umunyeshure yigisha

Umwigisha yitwa Hamadi BUKURU niwe yaraye ahonzwe ibuye mu mutwe n’umunyeshure yitwa Ernest BANZUBAZE ejo ku musi wa mbere kw’ishure ry’isumbuye rya komine Rugazi mu ntara ya Bubanza amuhoye ko ariwe yamuyobeje kw’ishure.

Amakuru dukesha umuvigizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza , Pierre NKURIKIYE amenyeshako Ernest BANZUBAZE yiga mu mwaka w’i 12 mu gisata c’indome amaze kubona yobewe yaciye asanga uyo mwigisha aho abandi banyeshure bariko basaba gutunganirizwa aho bakosowe nabi acahonda ikibuye mu mutwe uwo mwigisha.

Bivugwako uyo mwigisha yababaye cane ubu ariko avurirwa mu gisagara ca Bujumbura.

Ayo makuru abandanya amenyeshako uyo munyeshure amaze gukora ubwo bubisha yaciye atungwa nayo yameze ,ubu ariko araronderwa n’igiporisi mu ntara ya Muramvya aho avuka.

Publicités