Abakozi b’Imana barongoye amashengero basabwa kureka ubuvugishwa buvugwe.

Mu gihugu c’Uburundi abantu beshi baratangaye aho abarongozi bamashengero baheruka kwiyamiriza abavugishwa nu buhanuzi, aho biyamirije na Daniel w ishinyanga kuburyo basoheye amatangazo bawira ishengero abakwirikiye ubuvugishwa na basengera mu bicaniro canke muvyumba vyamasengesho ngo bakwirikiye ibinyoma. Aho banavuze mwishero bati , ntimwabonye ko Daniel yababariye ibinyoma gushika ubu mubona ivyo yari yababwiye arukuri? Ariko abasenzi bukuri ntavyishi bashimye kuvuga kuko bobo bavuga yuko nubwo vyoteba Imana ntiyivuguruza izobishitsa. Abo ba pasiteri na bamwe bamwe mumashengero bari biteze ko mwibi bihe biheze vya matora kuko bumva amakuru ko intambara ica iba bari biteze ko ari wamugambi w Imana,barabura. Ubu naho ugasanga bari kugwanya ubuvugishwa kandi mumisi iheze twabona bakira abavugishwa baba batumwe n Imana kuburira ishengero. Ariko kubera babona agacerere bivugira ngo bizogumuku. Ntivyoroshe kuko beshi usanga babura uko bivyitamwo. Turazi yuko hariho abagize ubuvugishwa urudandazwa abandi babugize uburyo bwo kwironderera ivyubahiro, ivyicaro n’ibindi maze baca basuka ibinyoma mubuvugishwa. Ariko isezerano ku Burundi rirahara.

Twagomba kubwira abafise ico Imana yababwiye kucumirako naho hoza abagomba kubatesha canke ihamwa. Kubarongozi b’amashengero, tubasaba yuko boreka Mpwemu w’Imana akidegemvya mugabo bagashiraho uburyo bwo gusuzuma ubuvugishwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s