Kenya:Abanyagihugu barababajwe n’abanyeporitike bakoresheje amafaranga ya Reta

Abanyagihugu muri Kenya barababajwe kubona abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo murico gihugu bashika 20 bakoresheje amafaranga ya Reta kugira baje mu gihugu c’Uburusiya kurorera inkino z’igikombe c’isi ziriko zirahabera.

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako abo bashingamateka n’abakenguzamateka bakoresheje hafi icakabiri c’umuriyoni w’amadorare w’Abanyamerika.

Ubushikiranganji bujejwe ivy’inkino mu gihugu ca Kenya bwashikirije ko abo bashingamateka n’abakenguzamateka barungitswe mu ntumbero yo kurahura ubwenge kugira bizofashe ico gihugu kuzotunganya amahiganwa mpuzamakungu.

Ayo makuru avugako abanyagihugu batanguye gusuzugura izo ngendo,abo batanguye gushira amafoto y’abo ku mbuga ngurukana bumenyi ziberekana bari mu kibuga.

Abo banyagihugu bavuze ko badatahura ukuntu igihugu cabo cokora ico gikorwa mu gihe gisanzwe gifise amadeni menshi giheranye.

Amadorare y’abanyamerika igihumbi ku munsi niyo yatekerewe kuri buri munshingamateka n’abakenguzamateka 6 bajejwe ivy’inkino mu nama nshingamateka ya Kenya ,mu misi 20 bazomarayo umwumwe akaba yandikiwe ibihumbi 20000 vy’amadorare.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s