USA:Umwigeme avuga ko yagendanye na Donald Trump yatawe muri yompi

Umwigeme Stormy DANIELS akina amasinema yibiterasoni ,yatawe muri yompi ari mu butambiro ahitwa Columbus mugihugu ca Ohio muri Reta zunze Ubumwe za Amerika.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako Stormy DANIELS yatawe muri yompi yagirijwe ko yahaye uruhusha umuntu yari murubwo butambiro akamukorako ariko aratamba imbere.

Uyo mukobwa abicishije k’urubuga ngurukana bumenyi yashize ahabona amafaranga ashobora gutanga kugira ashobore kurekurwa vy’agateganyo mu gihe uwumwunganira muvy’amategeko yavuze ko atemera ivyo uwo aburanira yagirizwa kuko vyateguwe kandi bifise imvo za poritike.

Amategeko yo muri Reta ya Ohio rirabuza umuntu wariwe wese gukora ku mutamvyi ari gusa canke yambaye agahuzu k’imbere gusa kiretse iyo muzinanyi gusa.

Stormy DANIELS yarahuye n’ibibazo igihe yamenyeshako yagendanye n’umukuru w’igihugu Donald Trump mu mwaka wa 2006, imbere yuko Donald Trump aba umukuru w’igihugu ariko Trump ubwiwe yagumye amwiyamiriza avuga ko uyo mukobwa ashaka kumutyoza gusa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s