Kirundo: Umuntu umwe mu bagavye ibitero yafashwe

Umuntu umwe muri batatu bagirizwa ibitero bibiri vyabaye muri Komine Kirundo na Komine Vumbi ku maganekerezo ya 6 na 9 Mukakaro 2018, yafashwe n’inzego zijejwe umutekano kuruyu w’Imana igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.

Amakuru amenyeshako uyo yafashwe yaciye yerekana inkoho yo mu bwoko bwa Kalachnikov yahora akoresha mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi.

Ayo makuru abandanya avuga ko iyo nkoho yerekanye yari yibwe umuporisi akorera mu karere ko muri komine Bwambarangwe ku kirindiro c’igiporisi cahitwa Kimeza.

Amatohoza yatanguye kugira abo bafadikanije nuyo yafashwe nabo bashobore gufatwa.