Nijeriya: Abantu 40 bahitanywe n’umwuzure

Abantu 40 nibo bapfuye bahitanywe n’umwuzure inyuma y’imvura nyinshi yaguye mu gisagara ca Jibia kiri mu ntara ya Katsina mu buraruko bw’igihugu ca Nijeriya hafi n’ n’igihugu ca Niger.

Amakuru dukesha iradiyo y’Abongereza BBC amenyeshako abajejwe intwaro bashikirije yuko abantu 22 murabo bapfuye bashinguranywe iteka abandi 18 nabo bajanywe muri Niger iyo bakomoka.

Ayo makuru abandanya avuga ko uyo mwuzure watumye umugezi uri murivyo bice wuzura cane umaze kurengerwa uca wirara mu mihana y’abantu.

Bivugwako amazu ibihumbi 200 hamwe n’imiduga 1000 arivyo vyononywe n’uyo mwuzure.

Abenshi mubo inzu zabomotse baciye baja gusaba uburaro mu mazu y’amashure y’intango ari murivyo bice.