Abategetsi ba Amerika bavuga ko Korea ya ruguru ‘iriko irakora ibisase bishasha

Bigaragara ko Korea ya ruguru iriko irakora ibisase bishasha n’aho yari yagarukanye umwumvikano mwiza n’ubutegetsi bwa Trump, nk’uko bitangazwa n’ibimenyeshamakuru.

Ibigendajuru vy’iperereza zasanze hari ibikorwa biriko birabera mu karere gakorerwamwo ibisase bishika kure nk’uko abategetsi ba Amerika babibwiye ikinyamakuru ca Washington Post.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters ryasubiyemwo uwo mutegetsi rivuga ko bataramenya intambwe ivyo bikorwa biteyeko.

Prezida Trump yarabonanye na mugenzi we wa Korea ya ruguru Kim Jong-un mu kwezi kwa gatandatu.

Inyuma y’umubonano wa mbere, abo bategetsi ko ari babiri biyemeje gukora uko ashoboye ngo bahagarike ikoreshwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda, Trump anavuga ko ‘Korea ya ruguru itagiye ubwoba n’ibirwasho vy’ubumara’.

Ariko mu gihugu ciwe, Trump yaranebaguwe kuba ‘yagize amasezerano yo ku munwa gusa’ ata masezerano bashizeko umukono aho Kim yiyemeza guhagarik umugambi w’ibigwanisho vy’ubumara no kubikoresha.

Inkubu za vuba zivuga iki?

Ku musi wa mbere, ikinyamakuru ca Washington Post carasubiyemwo aategetsi bavuga ko Korea ya ruguru ibandanya gukora igisase kimwe canke bibiri bishika kure mu kibanza ca Sanumdong hagufi y’umugwa mukuru Pyongyang.

Ico kibanza cakoze igisase ca mbere gishika kure c’ico gihugu, gifise ububasha bwo gushika muri Amerika nk’uko ico kimenyeshamakuru kibandanya kivyandika.

Nk’uko bishikirizwa na Reuters, amasanamu y’ibigendajuru yerekana imodoka zinjira zongera zisohoka muri iryo hinguriro, ariko atari muri ico gikorwa co gukora ivyo bisase.

Si ubwa mbere habaye inkuru ko Korea ya ruguru ibandanya umugambi w’ayo w’ibisase vy’ubumara, no kwerekana ingaruka z’umubonano wa Singapour.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika vyaravuze inkuru zo mw’ibanga zivuye mw’iperereza zavuga ko Korea ya ruguru ibandanya ibikorwa vyo gukora ibigwanisho vy’ubumara mu mahinguriro y’ico gihugu.

Mu ndwi iheze, Mike Pompeo yabwiye abakenguzamateka ko amahinguriro ya Korea ya ruguru « abandanya gukora ivyuka vy’ubumara » bikoreshwa mugokora ibirwanisho ruhonyanganda.

Publicités