Reta ya Kongo imenyesha ko Ebola yasubiye kwaduka

Reta ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo yatangaje ko Ebola yasubiye kwaduka mu tutundi turere dushasha muri ico gihugu.

Ubwoba ni bwinshi mu turere twinshi two mu buseruko bwa Kongo inyuma y’aho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu butangarije ko ingwara ya Ebola yadutse mu ntara ya Beni.

Reta ya Congo yabitangaje inyuma y’indwi imwe gusa ishami rya Onu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS n’ubutegetsi bwa RD Congo bamenyesheje ko bashoboye kugwanya Ebola mu ntara ya Equateur.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kongo yamenyesheje ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS ko ibipimo 4 kuri 6 basanze birimwo umugera wa Ebola, ugupima kukaba kukibandanya.

Uwurongoye OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga ko Ebola igeramiye cane igihugu ca RD Congo, ariko ukuri no kuvugira ku mugaragaro kwa reta ya Kongo kuvyerekeye iyo ngwara, ari yo nzira ya mbere yofasha kugwanya ico ciza muri ico gihugu.

Umukuru wa OMS muri Afrika avuga ko vyoroshe gutanguza urugamba rwo gutuza Ebola kubera ni ho bari bagiheza kuyigwanya mu tundi turere, ibikoresho n’abakozi vyose biriho.

Ukwandukira kw’iyo ngwara kwagaragaye cane mu karere ka Mangina ku birometero 30 uvuye i Beni.

Icegera c’umukuru wa OMS, Peter Salam yavuze ati: »Iyi ngwara yadutse mu buryo butandukanye n’ubwo twariko turagwanya ubwa mbere mu karere ko mu buraruko bushira ubuseruko. »

Intara ya Kivu yo mu buraruko ifise abantu barenga umuliyoni bava mu bice bitandukanye harimwo Uganda n’ u Rwanda aho bagenda bajabuka urubibe mu rudandazwa rutandukanye.

OMS ibandanya ikorana n’ibihugu bibanyi kugira abajejwe igisata c’amagara y’abantu bamane inkuru ziwkiye zerekeye iyo ngwara kandi bame bagavye.

Publicités

Un commentaire sur “Reta ya Kongo imenyesha ko Ebola yasubiye kwaduka

Les commentaires sont fermés.