Indege y’intambara y’u Rwanda yavogereye ikirere c’u Burundi ibirometero bishika 4

HelicopterMu nama yahuza 21 ku migambwe 32 yemewe mu gihugu c’u Burundi yabera mu ntara ya Kayanza mu rwego rwo kwitegura amatora yo mu 2020, kuri uyu wa gatanu tariki ya 3 /08/ 2018, Guverineri w’intara ya Kayanza yatangaje yuko indege y’u Rwanda yavogereye ikirere c’u Burundi.

Guverineri w’intara ya Kayanza Bwana Anicet Ndayizeye muri iyo nama yarimwo na Ministre w’ubutegetsi bw’igihugu mu Burundi, yemeza ko indege y’intambara y’u Rwanda yavogereye ikirere c’u Burundi. Ngo ikibahangayikishije ni umubanyi wabo (u Rwanda). Ngo ni abayobozi b’u Rwanda babi si abanyagihugu b’abanyarwanda. Abo bayobozi ntibasiba gukora ibikorwa bishotora u Burundi.

Mu gusobanura ivy’iyo ndege y’intambara y’u Rwanda, Guverineri wa Kayanza yagize ati:

“Ku batabizi, tariki ya 13 z’ukwezi gushize, indege y’igisirikare cy’u Rwanda yavogereye ikirere cy’u Burundi muri Komini Kabarore y’intara ya Kayanza yinjira mu Burundi ibirometero 4 iraba ibirindiro vy’ingabo z’u Burundi. Ibi vyaradushavuje. Twarifashe. Ibi ntabwo bisobanura ko tutashoboraga kuyihanura ariko nifuza yuko mwe abayobozi bacu ba politiki mwomenya ubwo bushotoranyi. Ndasaba abashobora kugera ku bayobozi b’u Rwanda ngo bababwire ko ivyo barimwo barakora bidahesha icubahiro igihugu cabo kandi atari vyiza na gato.”