Uku ni k’Uhoraho agize, at’Umunyabwenge yoye kwirata ubwenge bwiwe.

YEREMIYA 9:23-24 Uku ni k’Uhoraho agize, at’Umunyabwenge yoye kwirata ubwenge bwiwe, cank’umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’umutunzi ngo yirate ubutunzi bwiwe; 24 arik’uwirata, ni yirate ibi, ko yamenye, akantahura, yuko nd’Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw’isi: kukw’ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze. Alleluyaaaaaaa.

Ncuti z’Umusalaba, ni wamara kumenya Uhoraho Imana yawe, ukamutahura ukemera ko yama akugirira imbabazi nyinshi ko yama agucira izibereye izigororotse, ca rero uraba Mariko 10: 27 Yesu arabitegereza, arababwira, ati Kubw’ abantu ntigishoboka, ariko ku Mana s’uko, kuko vyose bishobokera Imana. Haleluyaaaaaa, ntihagire uwo uraba, ntihagire ikintu na kimwe wiringira guko bitaza gushoboka, ko wamenye Uhoraho Imana yacu, vyoooose biraza gushobokera Imana, guko yakwitegereje araraba uko umeze, aravuze rero BIRASHOBOKA.

Publicités