Abantu 6 bagirizwa kwiba imashine nyabwonko hamwe n’amafaranga imiriyoni 6 n’ibihumbi 250 vy’amafaranga y’amarundi vyuwitwa Jean Pierre NSENGIYUMVA, bafashwe n’igiporisi muri Karitiye ya Gatare mu gisagara ca Ngozi.
Amakuru amenyeshako iyo machine nyabwonko hamwe n’amafaranga vyari mu modoka y’uwo Jean Pierre NSENGIYUMVA,imashine iri mw’isakoshe yayo n’amafaranga nyene ari mw’isakoshe yayo bikaba vyibwe imiryango yiyo modoka imanje kwugururwa.
Bimenyeshwako igiporisi kimaze gukurikirana abo basuma baciye bafatwa uko ari 6,imashine nyabwonko hamwe n’amafaranga imiriyoni 5 n’ibihumbi 260 navyo nyene birafatwa.
Bitegekanijwe ko iyo mashine nyabwonko hamwe n’ayo mafaranga vyafashwe bica bishikirizwa igiporisi kijejwe amatohoza kugira hakorwe icegeranyo.