Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Abarundi n’Uburundi.

*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Abarundi n’Uburundi*

Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu na Samedi, twama dufise amasengesho yo gusengera u Burundi n’abarundi.

URUFATIRO.

« HUMURA IMANA YARUNVISE AMABOROGO YAWE ».

IBISOMWA

Matayo 2:19-20

Daniel 9:20-23

Daniel 10; 10-12

Umusiguzi 12:13-14

Kuvayo 2:23-25; 3: 7-9

INDIRIMBO

49; 36 ; 64; 68;100; 124; 147; 150

IVYO MPWEMU AHISHURA:

Ushobora kuba umaze igihe usenga, ubabaye, urushe kandi ugategwa no kwihebura maze ukibaza uti mbe Imana nsenga iri hehe? Abisirayeli bamaze igihe kirekire bacurwa bufuni na buhoro bararira, baratakamba, baraboroga maze iminiho yabo Imana irabunva iramanuka irabatabara. Nawe itangazo ni uko Farawo yahora akurwanya yaneshejwe. Imana ititaye kugihe ikibazo cawe kimaze iraje kugutabara. Amasengesho yawe yarunviswe. Igihe Herode yapfa Yosefu yaciye abwirwa guhungukana umwana nanyina, nawe ushobora kuba warahungishijwe naherodi: ibibazo, indwara , nzara , kurenganywa, umutekano muke…. Herodi yakurwanya ya pfuye akira kwidegemvya.”

IMITWARO :

-Gusengera IMPUNZI cane cane iziri muri Tanzaniya, Rwanda na Congo.

– Gusengera ABAGWAYE indwara zose bagwariye mubitaro no mumihana iwabo.

-Gusengera ABASHONJE batagira icepfo ca ruguru.

-Gusengera ABAPFUNZWE, mu mabohero atandukanye.

-Gusengera ABAKURU BIHANGA NIHANGA bose.

Mwibuke gushimira Imana mugusengera imitwaro itandukanye yaho muherereye.

Nidusangwe Imana uBurundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura le 07/08/2018

Http//:www.abisezerano.com

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s