OLUCOME isaba umushikiranganji w’ubutare n’agataka kugabanya igiciro c’igitoro

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro OLUCOME risaba umushikiranganji w’ubutare ,agataka hamwe n’amasoko ntanganguvu gukora ibishoboka kugira hagabanywe igiciro c’igitoro giherukwa kuduzwa ku neza y’abanyagihugu bugarijwe n’ubukene.

Mw’ikete inomero 012/OLUCOME/08/2018 ryo kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro, ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umushikiranganji w’ubutare ,agataka n’amasoko ntanganguvu ,Gabriel RUFYIRI amenyeshako ryakiranye umubabaro kubona igiciro c’igitoro cadugijwe mu gihe uyu mwaka nyene mu kwezi kwa mbere caheruka kuduzwa.

Gabriel RUFYIRI avuga ko iryo duza ry’igiciro c’igitoro rituma ibidandazwa bimwe bimwe bica biduga igiciro mu gihe n’ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kugura ivyo bakenera mu buzima butera bugabanuka.

Uyo arongoye OLUCOME amenyeshako igiteye amakenga aruko Reta kuri buri ritiro ridandajwe ironka amafaranga ari hagati ya 10 na 20 kugira hatunganywe ikigega c’intega bizoza c’igitoro ariko gushika ubu ico kigega kitarabaho.

Gabriel RUFYIRI avuga ko mw’itangwa ry’amafaranga y’agaciro ku mashirahamwe arangura igitiro bitabamwo umuco bikaba vyatumye amashirahamwe amwamwe aheba urwo rucuruzwa kubera kubura ayo mafaranga y’agaciro.

Gabriel RUFYIRI arangiza asaba uyo mushikiranganji gushiraho umurwi nyabutatu ugizwe n’abo muri reta,amashirahamwe adaharanira inyungu za reta hamwe n’abikorera utwabo kugira ikibazo kijanye n’iduzwa ry’igitoro came gikorwa hisunzwe ubushobozi bw’abanyagihugu.