Non’umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’ umuntu w’ inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi?

MATAYO 12: 29 Non’umuntu yoshobora ate kwinjira mu nzu y’ umuntu w’ inkomezi kumusahura ibintu atabanje kuboha wa munyenkomezi? Maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. Alleluya bwoko bw’Imana, iri n’ ijambo rikomeye rwose kuri wewe kuri jewe, satani aza yiyoroheje agatangura kukwereka ibibazo urimwo uracamwo ko bikomeye, mbere akakwereka ko atanzira yo kubivamwo, nawe ukicwa n’ ubwoba n’agahinda ntube ugishobora no gusenga ntumenye ko satani arimwo akumaramwo inkomezi ntumenye ko ariko arakuboha kugira ntusaganye, ikangure urabe ko utaboshwe urabe ko babandi barereka icokubako ntibakunyage inkomezi, vyuka senga tabaza YESU, bâ mû ruhande rw’Imana uyihamagare Irakwitaba. DUSENGE : Turagushimiye Mana yacu wabanye natwe turi bazima icubahiro kirushirizeho kuba icawe, tukweretse uyu musi tukwinginga ngo wururuke ubane natwe utubere maso satani yoye kugira ico atunyaga mw’Izina rya YESU KRISTO, utwuzuze mw’imbaraga zidasanzwe ibikwiriye n’ibibereye vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa Icubahiro ubiduhere Ubuntu mw’Izina rya YESU KRISTO Umucunguzi wacu Amen.