Inde: Abantu hafi 400 bishwe n’imyuzure nayo abandi miliyoni bata ingo zabo

Abantu bagera hafi kuri 400 bishwe n’imyuzure mu gihe abandi babarirwa mu bihumbi bateshejwe izabo kubera imyuzure mibi cane ibayeho mu gihe c’imyaka 100 iheze muri leta ya Kerala mu Buhinde.

Abarenga miliyoni imwe bakuwe mu vyabo n’iyi myuzure, benshi muri bo bakaba bari mu nkambi zinyanyagiye muri iyi leta.

Mu gihe imvura nyinshi ivanze n’imiyaga yatanguye gucisha make, ibikorwa vy’ubutabazi bwo gutanga ibiribwa biri kwongerwa mu bice by’iyo bigwa.