Wame wibuka yuko Imana ishoboragukoresha abansi bawe kugira igushire hejuru

Hanga ry’Imana, ntugategwe umutima uhagaze n’abakuvuga nabi, abakwandikako amajambo mabi canke bagacapa ibishusho bibi kuri wewe, wibuke yuko Imana ishobora gukoresha abansi bawe kugira ngo igushire hejuru. Iyo Imana yagutoranije ikaguha isezerano, bibatera ishari n’inzigo maze bikabatera gushaka kugukwegera hasi mucavu iyo bari bikabankira.

Ntuze uterane amajambo n’imburakimazi kuko ivyo bakora vyose bibagarukako. Ntuze ubabazwe nivyo bavuga ahubwo uze wihorere ubazengere nwibanga wirabire uko Uhoraho Imana ibagaragaza.

Uzomenya uwihamagaye kandi atagira iyaja nuko arajwe ishinga no gutunga intoke abandi, uzomubwigwa nuko avuga amajambo atamuhesha icubahiro, ntazobubwa n’ivyo afise kandi azoguma yigereranya nawe.

Wame ugororoka, uvugisha ukuri, udatinya guhagarara mukuri ngo ni ukubera iterabwoba ry’ibikoresho vya satani. Uzemenya yuko ikintu atari ico Imana kubera iterabwoba rikoreshwa, ibitsure n’amajambo yo kuvuga abandi nabi. Ivyo muzobitere umugongo.

Wame wibuka yuko Imana ishobora gukoresha abansi bawe kugira igushire hejuru nkuko yabigize kuri Morodekayi. Soma Esteri 7: 1-10