Reta yaratanguje umugambi w’ubworozi bwa kijambere mu gufasha abanyagihugu kwikenura inyuma y’uruzuba

Intara ya Kirundo yahoze yitwa ikigega c’Uburundi kubera umwimbu waharangwa, yagiye irahura n’uruzuba bigatuma abanyagihugu b’aho bahungira mu Rwanda, ubu bariko barahabwa inka za kijambere kugira bikenure.

Inka zikamwa zatanzwe, zahinduye ubuzima bw’imiryango itari mike.

Umumenyeshamakuru wa BBC Gildas Yihundimpundu yaganiriye na bamwe mu bazihawe ku mutumba wa marembo zone Gisenyi muri komine Busoni, ku birometero nka bitatu uvuye mu Rwanda bamubwira ko zahinduye uko bari basanzwe babayeho.

Izi nka za kijambere zikamwa menshi ariko zigakenera ubwatsi buke.

Yohani Bumwe afise imyaka 31 y’amavuko, ariko araha ubwatsi inka yiwe «Mutesi» yongera ayivuga amazina, avuga ko umuryango wiwe uhimbawe cane.

Bumwe ati: «Iyi nka nayihawe na projet Bugesera. Kuva ndayironse vyifashe neza. Mu gitondo nkama amaritiro 7, ku mugoroba ngakama ayandi 7. Amwe ndayashora ayandi nkayaha abana. Urabona ko basa neza. Ikindi na co, nsigaye nimbura ibigori vyinshi kubera umwavu nkura aha nyene. »

Iyo nka ivyaye kabiri, ubu Yohani Bumwe yiteze inyana ya gatatu.

Inyana ya mbere yayihaye umubanyi nkuko umugambi wa Bugesera ubibategeka.

Inka za kijambere ntiziragirwa ku misozi, bazisanza ubwatsi mu kigangara.

Publicités