Leta ya Uganda yatangaje yuko ibirego vyikubagugwa no guhohoteraubuzima bwa Depite Bobi Wine « nta shingiro bifise »

Leta ya Uganda yavuze ko ibirego vy’iyicarubozo vya Depite Bobi Wine – umuririmvyi yahindutse umunyapolitiki – « nta shingiro bifise » kandi « bitumvikana. »

Wine – ubundi izina ryiwe ry’ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi – avuga ko yakorewe iyicarubozo aho yari afunzwe n’inzego z’umutekano za Uganda. Aregwa ibirego vy’ubugambanyi – ibirego ahakana.

Itangazo rya leta ya Uganda rivuga ko uwunganira mu mategeko Depite Wine « ariko akoresha amayeri yo gusamaza mu rwego rwo kumvikanisha ibirego bica igikuba, nubwo bwose bidafise ikivyemeza. »

Publicités