Ntimwambugwe canke mwicishwe n’abasuma biyitirira Isezerano.

Hariho abantu benshi bamaze kwambugwa utwabo abandi bakicishwa n’abantu binyegeza muvyo bita isezerano ku Burundi. Hariho abambuzi n’abicanyi baza bakubwira ngo Imana yarabahaye igihugu none ngo bahe ibi bazokugira iki nakiriya, ngo pfukama bagusengere ubihaneko. Ntukababwire amabanga yawe. Abo bari mugihugu c’Uburundi , muri Kenya, Uganda, Tanzaniya na Afrika Yepfo cane cane.

Niba wizera Isezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi, iryo sezerano ni iryawe, risaba kwihana, gutunganira Imana no kurikorera. Isezerano rirakoregwa kandi riritangigwa. Ntiritangigwa igiturire canke ngo ritangwe n’umuntu, ritangwa n’Imana Uhoraho yo mw’ijuru yo nyene.

Muzomenyera abo babisha yuko bagenda bacokora mukuvuga nabi, bacokora abigisha ukuri, urukundo no kugororoka bose. Ni uko murakoze kuzo kwama mwiyubara abasuma n’abangushi.

Yesu abazigame, Murakoze!

Publicités