Ngozi-Busiga:Uwagirizwa gutunga ibigwanisho yafashwe

Igiporisi cafashe uwitwa Celestin NSHIMIRIMANA w’imyaka 36 yafatanywe ibigwanisho ku rugo iwe k’umusozi Gatika,komine Busiga mu ntara ya Ngozi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya Ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako igiporisi casatse mu rugo rwa Celestin NSHIMIRIMANA gica gihatora ibigwanisho bigizwe n’igisasu ntezwantoke,ibikono vy’amasasu 2 hamwe n’amasasu 41.

Ayo makuru avuga ko Celestin NSHIMIRIMANA yaciye afatwa ubu ari muri komisariya y’igiporisi muri komine ya Busiga.

Publicités