Abarundi bose niryo hanga ryatoranijwe n’Uhoraho Imana, Yehova Yire. Uzobigisha ibirenze ivyoni inzimizi.

24804581-8533-4758-b506-9d1ef9d04369-1

Uhoraho Imana yitoranirije Abarundi abari hafi n’abari kure, abari mu gihugu n’abari hanze, ngo bamubere ihanga ryiwe. Iryo sezerano yabahaye siryoumuntu canke akarwi k’abantu mugabo Ihanga ryose ry’Abarundi. Twese duhamagarirwa kwigina ubwiza bw’Uhoraho Imana yacu, mu kwerekana urukundo, ukwihanganiranira, ubuntu, ukugira neza, ukwihana no kugororoka. Abarongozi Imana yatoranije ngo barongore ubwoko bwayo bazohora babaha amakuru ngo mumenye ibimenyetso vy’ibihe kandi ntibazohengeshanya kubaha impanuro zivuye k’Uhoraho Imana yacu. Mwese muteramire isezerano Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi mwirinde inyigisho z’abadayimoni ziteragira urwanko no n’amacakubiri. Umwami Yesu abazigame.

Publicités