Abaherutse kugenwa mu murwi CENI barahiye murayo mabanga

Abaherutse kugenwa mu murwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI, barahiye murayo mabanga kuruno wa kabiri igenekerezo rya 18 Nyakanga umwaka wa 2018 imbere y’umukuru w’igihugu ,inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n’imbere ya sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Mu kurahira abo bagize umurwi umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora ukuboko kw’ibubamfu kwari gufashe ibendera ry’igihugu ni ry’ubumwe bw’Abarundi.

Mu majambo bagiye barasubiramwo bavuga ko bagiye kurangura neza ibikorwa bajejwe na cane cane gutunganya amatora ataho bahengamiye.

Publicités