Kayanza:Inkoho yakoreshejwe n’abishe Daniel NGENDAKUMANA n’umugore wiwe yatowe

Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov hamwe n’ibikono vy’amasasu bibiri nivyo vyatowe n’igiporisi inyuma yaho gikurikiye inkozi z’ikibi zishe Daniel NGENDAKUMANA hamwe n’umugore wiwe Elizabeth NIKIZA bo k’umusozi Buyumbu muri komine KABARORE mu ntara ya Kayanza.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako uyo mugabo n’umugore wiwe bishwe bahitanywe n’urusasu rw’abagizi ba nabi bataramenyekana.

Daniel NGENDAKUMANA hamwe n’umugore wiwe Elizabeth NIKIZA barashwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri buca ari ku wa gatatu igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka wa 2018.

Publicités