Ugusenga ni kwiza cane gukuma tugiranira imigenderanire myiza n’Imana.

AB’I FILIPI 4:4-6

Mwame munezererwa mu mwami wacu imisi yose;ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe. Uburwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose;umwami wacu ari hafi. Ntimugire ico mwiganyira,ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana,mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.

Mwenedata nifuzako utahura ingene ukwiye gusenga.

1. ubanze unezererwe muri Kristo,naho woba ufise ibikubabaje,wumveko ugeze imbere y’umukunzi mwiza hama umunezerererwe.

2.Ntiwiganyire ariko wizereko ivyo udashoboye Kristo abishoboye,hama umwizere,usenge.

3.Bwira Uhoraho ivyo ugomba mu kumusenga no mu kumwinginga kandi umukengurukira.

Ntuzoreke gushima Imana naho woba ufise ibikugoye,wibuke kuyishima,nayo ntizokwirengagiza.

Daniyeli yumvise ko bashizeho ingingo yo kumwicisha kuberako bamutegeye Ku Mana yiwe, yaciye abandanya gusenga akengurukira Imana. Uyu atubera akarorero keza ko gusenga.

Twige gusenga kuko nivyo bituma duhimbaza Imana,tukayitazira,tukayikengurukira,tukayambaza,tukayiganyira,tukayitabaza,tukayiririra. Ugusenga nikwo gutuma twongerwa kuba hafi y’Imana kandi tukambara inkomezi zokwama tunesha.

Publicités