Ihanga ry’Imana ni abarundi bose baturuka mu moko yose, intara zose, amadini yose n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye, imico n’imigenzo itandukanye,  abari mu gihugu n’abari hanze kuwa 22/09/2018.

916cec8f-2688-4e9a-aa97-dde6fbea8502-1Ihanga ry’Imana ni abarundi bose baturuka mu moko yose, intara zose, amadini yose n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye, imico n’imigenzo itandukanye,  abari mu gihugu n’abari hanze kuwa 22/09/2018.

Nkuko Uhoraho Imana umuremyi w’Isi n’ijuru, Imana Isumba Vyose , Yehova Yire yabihishuye kuva kera,ikabicisha mu bavugishwa nayo ba kera n’abubu; Imana yitoranirije Ihanga ry’Abarundi ngo rimubere inyegu yiwe, ngo rimubere abana bayubaha kandi bakamwubahisha ibikogwa n’ingendo zabo. Iryo sezerano ry’Intahava ni ntabanduka kandi ntanumwe ashobora kurihindura canke ngo arihindukize kuko Uhoraho Imana ya Isirayeli, Imana ya Aburahamu, Isaka na Yakobo ari Imana y’uutond ibigira ikabigirura (Un Dieu Souverain)

Hariho abumvise havugwa isezerano, batangura kuja mu basenzi, abavugishwa n’ivyumba vyamasengesho maze begeranya ivyo bumva baraheza biyitirira ivyo bise amasezerano ku Burundi. Ntibamenye yuko ivyo bihagiye ari uruvange rw’ibinyoma, ivyipfuzo na za kameremere vy’abantu. Iyo bumvise Imana ihishuye ibitandukanye n’urudavagi bakamagiye barijogota, bakidodomba, bagasakuza mbere bagata impfane ku bantu. Ukwo gushira isoni kuva ku kungene bataye Imana, bakikubira mu vyiyumviro vyabashize mu nzira zidashika. Abantu nkabo ntimukabararaze ngo mugire nkuko bagira murabasengere Imana ibakize izo ngoyi za Satani.

Ihanga ry’Imana si akagwi k’abantu biyita amazina aya canke ariya, Ihanga ry’Imana si umuhari, idini canke se abantu bari mu gihugu canke mu mpunzi gusa. Ihanga ry’Imana si abantu baturuka mu bwoko ubu, intara iyi, idini iri canke ivyiyumviro bimeze uku. Ihanga ry’Imana ni abarundi bose baturuka mu moko yose, intara zose, amadini yose n’ivyiyumviro vya politike bitandukanye, abari mu gihugu  n’abari hanze. Uwudatahura ivyo aregera abo Imana yahaye ibanga ry’Isezerano bamufashe.

Ihanga ry’Imana rigizwe n’Abarundi bari mugihugu, Abarundi bari mu mahanga mu bihugu  bitandukanye nko mumakambi y’impunzi, mu bisagara bitandukanye hamwe n’abagiye gutura mu bindi bihugu vyakure kubera imvyo zitandukanye.

Ihanga ry’Imana rigizwe n’abarundi bava mu mice itandukanye, hariho abari mu butegetsi canke ababushigikiye mu gihugu, harimwo n’ababugwanya kubera ubutandukane bw’ivyiyumviro vya politike, abari mu mabohero atandukanye,abari mu bitaro bitandukanye, abafise ukwemera gutandukanye bose bafashe inzira yo kugororoka n’abakiri mu vyaha mugabo bose bafise intuntu n’ishaka ryo gutunganira Imana no kugendana nayo kugira ngo izobashitse mu Burundi bw’Isezerano no mw’Ijuru. Abo bose bahuzwa n’amaraso y’Incungu Yacu Yesu Kristo yavuye ku musaraba. Yesu yapfiriye abantu bose ababi n’abeza kugira ngo abakize ivyaha vyabo. Kandi uwokwibaza yuko yo kwicungura mukwubaha ivyagezwe birenga 613 (Amajana atandatu na cumi n a bitatu) aba agize amaraso Yesu yavuye ku musaraba impfagusa. Kandi n’umuntu yibaza yuko ari umugororotsi aba yise Uhoraho Imana umubeshi kuko ijambo ryayo rivuga yuko “Bose bakoze ivyaha ntibashikira ubwiza bw’Imana”.  (Abaroma 3:23)

Uvuze Isezerano, umuntu afise ibanga yahishuriwe, aca abona Imana. Iyo uvuze Imana, Umuntu yagiriwe ubuntu aca abona ukugororoka, ugutungana, ugukizwa, ukwekwezwa n’igitinyiro c’Imana. Hariho rero abantu bagororoka ku minwa yabo gusa. Uravye ivyo bakora, ivyo bavuga n’ivyo bizera uca umenya umwami abaganza iwariwe. Wumvise ubucokoranyi bwabo, amajambo y’ukudakebwa bwo mu mitima yabo ukumva n’ibikogwa bibaranga uca umenya yuko bakiboshwe kandi yuko bakubagugwa n’impwemu zihumanye. Ico ukorera mwene abo urabasengera mw’ibanga no kumugaragaro kugira ngo Uhoraho Imana ibagirire ubuntu, ibabohore kandi ibatambaze isinzi ry’imbabazi zayo. Abana b’Imana barangwa n’ubugwaneza, urukundo n’amahoro.

  1. Ntushobora kwitwa uwisezerano ngo wongere wifatanye n’abanyavyaha, abanyamahanga n’intakebwa. Umwiza n’umuco ntibifatana.
  2. Ntushobora kuba uwo mw’Ihanga ry’Imana ryahawe sezerano ngo wongere wivange n’amapolitike apfuye, amadini y’ibinyoma n’amacakubiri ayariyo yose, abacokoranyi n’abagiriza abandi ibinyoma.
  3. Ntushobora kuba uwo mw’Ihanga Imana yatoranije ngo wongere ube imburabwenge, ngo ugendere mu mwiza w’umuzitanya, ngo uce mu nzira zidashika ugata umwanya uvuga ibi na biriya wigira umuhinga w’ivyagezwe na kahise k’abadayimoni kandi twahawe Mpwemu w’Imana ngo aze aratuyobora, atwereka inzira y’ukuri. Imana yemeye kugendana natwe ni Imana y’igitinyiro, Imana ipfuha, Imana Yera kandi igororoka. Ni Imana y’Urukundo, Imana y’imbabazi nyinshi kandi umucamanza w’ukuri.

4.Ntushobora kwitegurira kwambuka Yorodani ngo wongere wifatanye canke ngo urongogwe n’abanyegiputa. Ugomba kujabuka I kanani, ugendera kuvyagezwe Imana iguhaye, wemera kurongogwa na Mpwemu w’Imana, ukirinda gusamarira mu bugaragwa.

  1. Ntushobora kuba ufatanije urugendo n’abo mw’Ihanga Imana yitoranirije ngo wongere ushingire ukwemera kwawe ku buvugishwa utoragura irya n’ino, utasuzumye kandi Mpwemu w’Imana adashingira intahe. Ni ugusuzuma ubuvugishwa bwose kugira ngo ugendere mu muco
  2. Ntushobora kuba warahawe isezerano n’Imana ngo wongere w’Ishire mu kibanza cayo, canke icariho cayo. Uhoraho niwe murongozi w’Ihanga ry’Imana n’igihugu yarihaye. Uzomenyera abavangiwe mu kwivuga, kwishira hejuru no gushaka kwimenyekanisha mugucokora abandi. Ntaho ikibumbano cigera kingana n’Umubumvyi, Yesu yagize ati ugomba kuba mukuru muri mwebwe n’abe umusuku wanyu. (Matayo 20:11)

Hanga ry’Imana, umurwanizi yaravangiye abavugishwa benshi baca bakoresha za kameremere kabo, aho bavugishwa ibisunitswe n’agashavu, ukwihora n’inzigo bifatiye ku macakubiri y’amoko, amadini, ivyiyumviro vya politike n’utundi satani n’abiwe binyegeza inyuma kugira ngo akwegere abantu mu bice, intambara n’imivurungano mu kwagiriza aba na barira. Muze mu vyigigwe kure. Arahakana ukuri kwose gushika naho agwanya ijambo ry’Imana n’ibigirankana. Imana yeretse Yohana Ihanga ryayo, Ishengero ryayo, abacunguwe bose aca yandika ati: “Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, atanuwushobora kuriharura, bo mu mahanga yose, n’imiryango yose, n’amoko yose, n’indimi zose (intara zose, imico yose,…)bahagaze imbere y’Umwagazi w’Imana” Ivyahishuriwe Yohani7:9-10.

Ntiwoba uhishurigwa n’Uhoraho Imana ngo uvuge amajambo y’ubwansi, amajambo yo guteranya, ukwagirizanya, (Ivyahishuwe 12:10) kuvangura abana b’Imana no guca ibice mubantu.  Ivyo ni kameremere ka satani yigira umumarayika w’umuco. (2Abikorinto 11:14) Abo mwihanga ry’Imana duharanira kwezwa, gutungana, kugororoka no kubona abaremwe bose banezerewe, kubasengera bose uko bangana, no kubagirira neza. Ibikogwa vy’abadayimoni ntibidusamaze ahubwo dusenge ubudahema ngo Ihanga rive mu bugaragwa.

Bana b’Isumba vyose, Hanga ry’Imana, mwame mwiyubara cane, mwame mwiyubara abahubutsi n’abahurudutsi bavuga ayasunitswe n’impwemu zabo yose. Benshi bazimiriye muvyo Imana bakagenzwa na kameremere kabo bacokora aba na bariya, bataye ivyizegwa vy’ukuri. Mwame mwigigwa kure abigira ba kabizi, ba kamenyi. Muhitemwo ya ngendo iranga aba Kristo Yesu. Mwumve vyinshi mugabo muvuge make kuko mumajambo menshi harimwo ubupfu. (Imigani 10:19)

Barundi, barundikazi mwese, mu menye mwese yuko muri Ihanga ryatoranijwe n’Imana kandi yuko yabahaye Isezerano ryiza cane ku gihugu cacu c’Uburundi. Muri Ihanga ryera ry’Imana, muri ubwoko bw’Imana, mwese atanumwe avuyemwo. Muri abatoranijwe ngo mube inyegu y’Imana, nkuko Uhoraho Imana yari yatoranije Ihanga rya Isirayeli. (Zaburi 135:4, Ivyakozwe n’Intumwa 13:17) Kubw’ivyo rero mwihane mwezwe mwese kugira ngo mushobore kugendana n’Uwera, ni mwisengere kandi musengera igihugu canyu kuko satani afise ipfuhe rinini kuri mebwe, uruvyaro gwanyu n’igihugu canyu.

-Yahagurukije impwemu z’ubuzimire, impwemu z’ibinyoma, n’impwemu mbi zisuka insaku n’ibihuha mu gihugu, mw’Ihsengero no mw’Ihanga kubwo gushaka kuburagiza abahawe Isezerano;

-Yahagurukije impwemu zo kutibanga icaha: ubwicanyi, ubushakanyi, gusenga ibigigwamana, ugusahura, kwangazanya, urwanko… kugira ngo aburizemwo Isezerano.

-Yahagurukije impwemu z’ubusamazi, ubuyererezi, ubuhumvyi no kwangaza imitima. Izo zituma aba Kristo bishushanya n’abisi bakagwanyana, bagakora kandi bakavuga ibiteye isoni ata mpuhwe. Duhaguruke tubigwanishe amasengesho, kuvuga ukuri no gukora ivyiza, dufatanye munda kuko nico twatoranirijwe.

Ihanga ry’Imana ni riganze ry’iganzure inganji ya satani. Dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano!

Publicités