
1ABAMI 18:36-38: Maz’igihe co gutanga ikimazi ca nikera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yigira hafi, aravuga at’ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw’ari wewe Mana mu bisirayeli,nanje ko nd’umusavyi wawe,kandi ko nkoze ibi vyose kubw’ijambo ryawe. Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw’aba bantu bamenye kw’ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi bamenye kw’ari wewe ugarukana imitima yabo. Maze umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na yamabuye n’umukungugu,Urigata na ya mazi yari mu muvo.
Uhoraho ashimwe ko yashoboje Eliya.
Aha I kalumeli ntabwo wohatumbereye ukiri umuntu w’ukwizera kudakwiye.
Iyo Eliya atangura kwibaza ngo mbega birakunda ko Uhoraho akorora umuriro?Aho yari kuba ananiwe.
Mwenedata, mu gusenga kwawe urafise ukwizera?
Ukwizera kurarema,kurakora ibitangaza kandi ntigutetereza.
Uhoraho mwami Mana yacu ngwino utwongere ukwizera. Imbabazi zawe zitwomeko muri vyose,Amen.