Data mw’izinarya Yesu Christo
Turagarutse imbere yawe
Tuzanywe no gusubira kwihana, kwezwa no gutunganywa kuko tuzi tudakekeranya yuko har’ivyo twakoze muburyo ubu cank’ubundi bidahuye n’ubugombe bwawe.
Utubabariye , udukundire tuguture amashikanwa n’amashimwe kuvyo wadukoreye vyoooose vyavuye m’urukundo rwawe wadukunze nkuko vyanditswe muri Yohana 3:16
Twongeye kugaruka ubugira kandi tugusaba ngo utuzigamwe mw’iri joro uteramire ubugingo bw’umwe wese muritwe , mubacu , muvyacu no mubera bose , ntitwibagiye , abari mw’irinde , abapfunzwe , abarwayi, ababur’ababo ndetse n’abatagira shinge na rugero bashonje , turasengeye cane Uburundi n’Abarundi cane cane Abari mugihugu nabari mubihugu vy’abarabo n’ahandi betemeregwa kuvuga izina rya Yesu .
Mana data ndangije nsengera Abibungenze n’abataribungenga , ntibagiye imisore n’inkumi bakeneye kwubaka mumuco
Uduhe ivyo tugusavye nivyo tutavuze .
Mbisavye mw’izinarya Yesu Christo Amen amen
Muzigamwe bavandimwe