Ni muze kuri jewe abananiwe n’abaremerewe ndabaruhura,mwikoreze ingata yanje munyigireko

MATAYO 11:28-30 Ni muze kuri jewe abananiwe n’abaremerewe ndabaruhura,mwikoreze ingata yanje munyigireko;kuko ndi umurwaneza,niyoroheje mumutima;namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kukw’igata yanje itababaza,n’umutwaro wanje uhwahutse.

Hari ibikuruhije vyinshi, inyishu yawe ni Yesu. Wokwigwanirira bikanka,ariko Yesu ategetse vyose birakunda.

Mfasha tuvuge ngo: Ndaguhaye ikaze Mwami Yesu,ngwino mumutima wanje,kuramwo ibitaguhimbara vyose,umpe kugukunda no kugukundisha abatarakumenya.

Hari vyinshi bigomba kutubuza kubana na Yesu,nico gituma dukwiye kwama twisuzuma kugira ngo inzigo,urwanko,amaganya,ukutizera,ukutanezerererwa urugendo rwiza turimwo rwo kuja mw’ijuru kuko tuheragezwa,…

Wewe uhagaze raba neza,ba maso kugira ngo nturwe, nawe wariko urananirwa ongera wivyukiranye, nawe wamaze kurwa,ibuka urukundo rw’umwami wawe hama uvyuke uve mu bapfuye.

Kuri wewe utarakizwa canke wanse kurekura icaha,turagusavye ngo utumbere Yesu wihane ureke ivyaha kuko impera y’abanyavyaha ni amahonero.

Uhoraho rukundo tugushimiye imbabazi zawe,ngwino uvyagire mumitima yacu,uduhe intsinzi, ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.