Woba uzi igitigiri c’ibigwanisho ruhonyanganda biri kw’isi, ababitunze n’igituma bitavaho?

Imwe mu ntego nkuru nkuru z’umuryango mpuzamakungu Onu ni kurandurana n’imizi ibigwanisho ruhonyanganda kw’isi, ariko ico gikorwa umengo nticaworoheye.

Uburemere bw’ico kibazo nibwo bwatumye hapfundikwa amasezerano ya mbere y’Inama Nkuru ya Onu mu 1946.

Iminsi yose itariki 26 z’ukwezi kw’icenda, ni umunsi wo kwibuka umugambi wo gukura kw’isi ibigwanisho ruhonyanganda, no gukebura abanyagihugu ku bijanye n’imwe mu ntego nkuru nkuru z’amakungu: gushikira amahoro n’umutekano mw’isi itakirimwo ibigwanisho ruhonyanganda ».

Ariko haraheze igice c’ikinjana kirenga, uwo mugambi usa n’uwutitezwe gushikwako vuba.

Mu bitigiri vya nyuma bitangwa n’ikigo cigisha amahoro « International Institute for Peace Studies »(SIPRI) kiri i Stockholm, haracari ibigwanisho ruhonyanganda 14465 kw’isi.

Ugereranije n’ivyo ico kigo cari caharuye mu mwaka wahera, ico gitigiri cerekana ko hari ibigwanisho 470 vyagabanutse, bisigura ko iryo gabanuka rigenda buhoro cane nkuko abakoze ico cigwa bavuga.

Publicités