Indonesia: Abahitanywe na Tsunami muri Endoneziya barenga 800

Abantu barenga 800 nibo muri kino gihe bavugwa ko bahitanywe na nyamugigima hamwe na tsunami, vyibasiye izinga rya Sulawesi muri Endoneziya

Imigwi y’abatabazi ivuga ko hari abantu benshi bagikwamiye mu bihomoke vy’ihoteri n’amaduka mu gisagara ca Palu, icegera c’umukuru w’igihugu wa Endoneziya akavuga ko hashobora kuba hapfuye abantu ibihumbi.

Akarere kibasiwe ni kanini kurusha uko abantu bavyiyumvira ubwa mbere.

Imikuba y’amazi y’umuvuduko w’ibirometero 800 ku saha (800km/h) ngo yatumye amazi ashika ku birometero 300.

Amabarabara yabomotse, uburyo bwo guhererekana amakuru burononekara bituma ibikorwa vy’ubutabazi bigorana mu duce tumwe tumwe.

Ku mashusho ya video amaze kugera ku mbuga hwaniro ubona abantu baboroga, abandi biruka kubera ubwoba, n’umusigiti usenyuka.

Ibintu vyabandanije vyononekara gushika kuwa gatandatu, inzu nyinshi, ibitaro, amahoteli n’imangazini birabomoka.

Muri kino gihe hari ibikorwa vy’ubutabazi bibandanya, ariko umuyagankuba ukaba wacitse, ibarabara rikuru rija Palu rikaba ridahita kubera ibihomoka.

Publicités