Mwana wanje, shira umutima Ku bwenge kwanje; tega ugutwi uburyo kwanje bwo gutahura

IMIGANI 5:1-2 Mwana wanje, shira umutima Ku bwenge kwanje; tega ugutwi uburyo kwanje bwo gutahura. Kugira ng’ugumye amakenga, n’iminwa yawe izigame ukumenya.

Uhoraho aduhamagarira kwirinda,kuba maso no kwitwararika ivy’agakiza.

Uhoraho arazi ivyo dukenye n’ibitubereye,gusa ico ashaka n’uko tubanza kwitwararika umurimo wiwe.

Tubeho twirinda icaha, Uhoraho adushoboze kunesha ivyoturwisha.

Raba kuruhande rwawe ko utayicumuyeko.Garuka hakiri kare,Uhoraho yiteguriye kukubabarira.

Uhoraho agukomoreze ivyo umwansi yakunyaze vyose

Publicités