Urwego CNC ruvuga ko ibimenyeshamakuru 28 arivyo vyiyongeye kuva mu mwaka wa 2015

Umukuru w’urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru Nestor BANKUMUKUNZI amenyeshako ibimenyeshamakuru 28 arivyo vyiyongeye kuva mu kwezi kwa 3 umwaka wa 2015 ubu bishika 122 mu gihe mu gushika murico gihe vyashika 98 gusa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatanu igenekerezo rya 5 Gitugutu 2018 inyuma y’inama yahuje abagize urwego CNC yarimaze imisi 2, Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko amwe mu makosa akunda gukorwa n’ibinyamakuru ari ukutubahiriza urutonde rw’ibiganiro ,gutanga amakuru adafatiye ku mpande zose,gutanga amakuru atubahiriza imico kama hamwe no gutanga amakuru adatohojwe neza.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko mu mezi atatu aheze basanze hakiriwe abantu 144 basaba kwandikwa mu gitabo c’abamenyeshamakuru hamwe n’impusha 37 zatanzwe ku bamenyeshamakuru bo hanze bashaka gukorera mu gihugu uwundi umwe nawe yankiwe guhabwa urwo ruhusha kuko atarakwije ibisabwa n’amategeko.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko abamaze kwiyandikisha mu gitabo cabazoronnswa ikarata y’abamenyeshamakuru bashaka 1184 kandi mu misi iri imbere bagiye gutangura kuzikora.

Publicités