Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yatunganije inama n’abakorera mu gisata c’ubutare

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yatunganije kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Gitugutu 2018,inama n’abashorera ubutare hanze ,abacukura ubutare hamwe n’amashirahamwe atandukanye akorera murico gisata mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe icogisata kigezeko hamwe n’ivyohinyanyurwa.

Bimwe muvyizwe muriyo nama nuko basanze igisata c’ubutare kiriko kiraguka mu gihugu,gusaba ko ibigo OBR,OBM hamwe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB vyokarana neza hamwe nuko ibibazo biri murico gisata vyokwirwa kimwe kimwe ukwaco.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko murico gisata ibibazo bihari ariko igikwiye aruko kimwe kimwe cokwicarirwa mu ntumbero yo kubitorera inyishu.