Mairie –kumase: Umwana w’imyaka 12 yakomerekejwe n’imvubu

Umwana w’imyaka 12 yakomerekejwe n’imvubu ku kuboko kw’iburyo ahitwa ku Mase inyuma yaho yariko aragaza iyo mvubu.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE amenyeshako uyo mwana ataramenyekana kandi asa n’uwufise ingwara yo mu mutwe.

Ayo makuru abandanya avuga ko uyo mwana yaciye atwarwa ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe.

Bivugwako iyo mvubu yaciye yibira mu mazi ihejeje gukora iryo bara.

Publicités