Kuko tutakurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bw’umwami wacu Yesu Kristo

2Petero 1:16 Kuko tutakurikiye imigani yaremwe n’akenge,hamwe twabamenyesha ubushobozi bw’umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe;ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.

Petero yariko aratumenyesha ko tutihenze Kwizera Yesu,ntitwakurikiye ubwije,ahubwo twahisemwo neza Kwizera umugabo akomeye,azodushikana mu bwiza twateguriwe mw’ijuru.

Petero yabanye na Yesu. igihe ijuru ryahora ryuguruka rishingira intahe Yesu, Petero yaravyumva kandi akanabibona. Igihe Yesu yagenda ahárira ivyaha vy’abantu kandi bakabibabarirwa Petero niho yaba ari. Ibitangaza vyose Yesu yagiye akora:gukiza abarwaye,kuzura abapfuye,kugendesha amaguru kukiyaga,kuzibiza umuyaga,…. Ivyo vyose Petero abibera igishingantahe.

Nawe urafise ivyo wovuga kuri Yesu,kuko mu buzima bwacu agenda atugirira neza,akatwoza ivyaha vyacu,aratwitwararika,….

MBEGA URAMWIZEYE VYUKURI? URAMUMENYESHA ABATAMUZI?

Banza wihane neza,uhebe ivyaha vyose mbere n’udusembwa, hama umenyeshe Yesu abatamuzi.

Mugire umusi mwiza.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s