AMASENGESHO YO GUSENGERA IMITWARO ITANDUKANYE, ABARUNDI N’UBURUNDI YO KUWA 10 NA 13/ 10/ 2018
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse imisi yose kuwa gatatu no kuwa gatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera uBurundi n’abarundi.
URUFATIRO
~~~~~~~~
WAME IMBUTO ZIKWIRANYE NOKUGOROROKA
IBISOMWA
~~~~~~~
LUKA 3:8
YESAYA 5:2-7
LUKA 13:6-9
2 TIMOTEYO 3:1-9
INDIRIMBO
~~~~~~~
36,45,49,68,80,155,145
Nkuko Imana yerekana abantu benshi bamenye Imana ntiberekana ingeso nziza koko nk’abazi Imana (ingeso zikwiranye n’abihanye), Usanga abantu bitwa ko bamenye Imana usanga bakora ibidahwanye nico bakiriye .
Bamwe:
-Ari imboregwa
-abasambanyi
-abasuma
-abicanyi
– abasenga ibigirwa Mana ( kuragura no kuraguza)
– ibirandamuke
– ababesha bakabeshera n’abandi
-n’ibindi ……..
Ariko ubwirizwa kurangwa n’ingeso z’ubuntu; zurukundo; z’ubugwaneza ; gutanga imbabazi; guharira :igiti cose kitama kiracibwa kigateregwa mumuriro. Ikibazo « mbe wama iki »?
Gira umwete wewe wakijijwe wame ivyiza mu vyiyumviro, mu nvugo; mungendo; kukazi; mwishure…….
IVYO GUSENGERA
~~~~~~~~~~~~~
-Abagowe n’abashonje;
-abagwayi n’abageze mu zabukuru;
-abari mumabohero n’abahunze;
-abatagira shinge na rugero n’abana bo mwibarabara;
-uburinzi ku indongozi z’Ihanga kungero zose;
-abama ibijabija ngo bahinduke,
-abari mungendo zitandukanye….
Ni dusangwe Imana -u Burundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura le 08/10/2018
Http//:www.abisezerano.com