Umugabo umwe yahamwe n’icaha co kugira uruhara mu gitero ca bombe ca mbere cahitanye abantu bnshi muri kahise ka Somalia yishwe ku ncuro ya mbere hibukwa ico gitero.
Hassan Adan Isak ni we yari atwaye imwe mu modoka yagize uruhara muri ico gitero ku mugwa mukuru Mogadishu, nk’uko sentare yaciye urubanza.
Abantu bababa 600 barishwe igihe ikamyo yuzuye ibintu biturika yaturikira kuri imwe mu mayirabiri hakunze kuba haca abantu benshi muri ico gisagara.