Abashikirizamanza b’Ubufaransa basavye guhagarika amatohoza kw’ikororwa ry’indege yarimwo prezida Juvénal Habyarimana

Abashikirizamanza b’Ubufaransa basavye guhagarika amatohoza ku gitero cagizwe ku ndege gihitana uwahoze ari prezida w’u Rwanda Juvénal Habyarimana, catumye haba genocide muri ico gihugu, nk’uko biri ku mpapuro AFP yabonye.

Urwo rubanza rumaze igihe kirekire rwatumye haba ukurabana ribi hagati y’ivyo bihugu bibiri, kubera kwagiriza abagwanyi b’abatutsi bari barongowe na prezida w’iki gihe w’u Rwanda Paul Kagame, ko ari bo bagize ico gitero kuri iyo ndege mu kwezi kwa kane mu 1994.

Mw’itangazo ryo kw’itariki icumi z’ukwezi kwa cumi, abashikirizamanza b’Ubufaransa basavye ko ivyagirizwa abantu indwi vyoteshwa agaciro kubera abagira amatohoza batashoboye kwegeranya « ivyagiriji bikwiye ».

Publicités