Onu iranebagurwa kubera abagize abagize akanama k’uburenganzira bw’ikiremwa muntu bashasha

Ibihugu vyanebaguwe cane ko bihutaza agateka ka zina muntu biri muri 18 bishasha bigize akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu.

Abaharanira agateka ka zina muntu bari basavye ibihugu bigize inama ya Onu kwankira ibihugu vya Philippines na Eritre kuja muri ako kanama, banavuga ko itorwa rya Bahrain na Cameroun riteye « amadidane menshi ».

Amerika yavuye muri ako kanama mu kwezi kwa gatandatu, ivuga ko ari nk’agashinyaguro ku gateka ka zina muntu.

Ariko abashigikiye ako kanama bavuga ko bakora akazi gakomeye ko kugwanira agateka ka zina muntu hirya no hino kw’isi.

Ibihugu bishobora kuguma muri ako kanama gafise icicari i Geneve, imyaka itatu yikurikiranya.

Publicités