Afrika y’epfo igiye kworohereza abanyeshure b’abigeme kuronka udutambara bakoresha mu butinyanka

Umushikiranganji mushasha w’ikigega ca reta muri Afrika y’epfo Tito Mboweni yemeye kwongereza amahera yotuma abanyeshure b’abigeme baronka udutambara bakoresha mu butinyanka.

Haheze igihe hari abantu babisaba mu gihe hari imyidogo ko abigeme – cane cane b’abakene bo mu gihugu hagati – baheba amashure kubera udutambara bakoresha mu butinyanka tuzimvye.

Mu ntara zimwe zimwe, utwo dutambara badutangira ubuntu ku banyeshure bose b’abigeme.

Publicités