ATRABU: hagiye kujaho ishure rizokarihiriza ubumenyi abashoferi

Umuvugizi akaba n’umunyamabanga w’ishirahamwe ry’abatwara abantu n’ibintu ATRABU,Charles NTIRAMPEBA amenyeshako hagiye gushingwa ishure ryigisha abashoferi batwara abantu n’ibintu mu ntumbero yo kubakarihiriza ubumenyi.

Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 yahuje abagendesha imiduga itwara abantu n’ibintu hamwe n’ishirahamwe ATRABU

Kubijanye n’imirongo y’abantu biyunguruza ikunze kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura,Charles NTIRAMPEBA avuga ko bagiye kuzofata imiduga bayishire ku mirongo bisunze igitigiri c’abantu baba muri karitiye runaka.

Publicités