Leta y’Uburundi n’ishiramwe mpuzamakungu ONU bari muntambara y’amajambo

Umukuru w’akanama ka Onu kajejwe agateka ka zina muntu Michelle Bachelet yarerekanye agashavu ku musi wa kane atewe n’ivyashikirijwe n’uwuserukira Uburundi muri Onu agereranya umukuru w’uwujejwe amatohoza ku Burundi nk’uwugira urudandazwa rw’abaja.

Nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters, uwuserukira Uburundi muri Onu, Albert Shingiro, avugira mu nama ku musi wa gatatu yiyamirije icegeranyo ku matohoza yagizwe ku gateka ka zina muntu ku Burundi.

Reta y’Uburundi iramaze kwiyamiriza mwene ivyo vyegeranyo akatari gake, ikaba yaranse ko gufashanya n’abagira amatohoza.