Rutana:Uwagirizwa gushurashuza umukehabwenge yaciriwe urubanza

Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Rutana yaciriye umunyororo w’impaga w’imyaka 25 umuporisi APC Ildephonse NGENDAKUMANA ku caha co gushurashuza umukehabwenge.

Amakuru dukesha umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako iruhande y’imyaka yaciriwe na sentare,uyo muporisi azotanga ihadabu y’amafaranga y’amarundi ibihumbi 200 .

Ayo makuru avuga ko Ildephonse NGENDAKUMANA adatanze ihadabu yakatiwe azoca afungwa umunyororo uyasubirira w’amezi 6.