Indege itwara abantu ya Lion Air yo mu bwoko bwa Boeing 737 yakorotse inyuma y’umwanya muto igurutse iva ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Jakarta nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Indonesia.
Iyo ndege nimero JT-610 yari itaye abantu 188 ivuye kuri uwo mugwa mukuru wa Indonesia igana i Pangkal Pinang, igisagara kiri mu mazinga ya Bangka Belitung.
Inyuma y’amasaha atari make igurutse, ntiyasubiye kuboneka kuri radari aho yariko irajabuka ibahari.