Intambara zikaze zahitanye, hagati y’umugwi FNL n’abasirikare ba Leta ya Congo, abagwanyi benshi.

Abagwanyi bashika 300 b’umugwi FNL urongowe na Nzabampema bari bitwaje ibigwanisho vyinshi kandi bikomeye batanye mu mitwe n’ingabo za Congo mu karere ka Katokota muri Luvungi hahana urubibi na Kamanyula. Imirwano yahitanye abagwanyi ba FNL batari bake yabereye ku mitumba ya Kabunambo na Rukobelo aho muri ako karere nyene.

Abasirikare ba kongo nabo mu Burundi ngo bagiye kuvugana ingene bokorera hamwe kugira ngo bagarukane amahoro muri ako karere kugira ngo amatora y’umukuru w’igihugu yimirije muri kongo azobe mu mutekano.

Publicités