Yumvise ivya Yesu, araza aca hagati y’ishengero, amuturuka inyuma, akora Ku mpuzu yiwe

MARIKO 5:27-28 yumvise ivya Yesu,araza,aca hagati y’ishengero,amuturuka inyuma,akora Ku mpuzu yiwe.Yari yibwiye,ati n’iyo nokora Ku mpuzu yiwe gusa,nokira.

Imana irakeneye abantu bafise ukwizera, uwu mupfasoni yari yibwiye ko impuzu ya Yesu ishobora kumukiza kandi Niko vyamugendeye.

Abandi bazokumarirako imigisha y’Imana, kuko bazokomeza Kwizera kandi bagatabarwa,nawe upfire mu gupinga.

Hariho abantu batemera ko Imana ikiza soda,cancer,…

Imana yacu irahambaye mw’ijuru no mw’isi mu bwenge mu nkomezi mu rukundo Imana irahambaye.

Uhoraho niwakire amashimwe yacu kandi utwongere ukukwizera ni mw’izina rya Yesu twizeye Amen