Umutumiro w’amasengesho yo gusengera Uburundi n’Imitwaro y’Abarundi

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse ku minsi ya Mercredi na Samedi twama dufise amasengesho y’Ihanga ry’Imana ryose uretse amasengesho akoregwa mu bicaniro bitandukanye n’agigwa n’imigwi itandukanye.

URUFATIRO:  » Mwame mwitararika amajambo y’Imana yose aca kuri Radio Isezerano, mwiyeze, mutange amashimwe kandi mwame musenga ubudahema ntakabuza Uhoraho Imana igiye kubagirira neza. »

IGISOMWA n’INYIGISHO: Ab’i KOLOSAYI 3:8-14

A. Mwiyambure ibi vyose: uburake (ishari), kujingitwa, urwanko rwubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amajambo ateye isoni ava mukanwa kanyu kandi ntimukabeshane.

B. Mugire ingeso z’abera Ihanga ryatoranijwe n’Imana: mukugira umutima w’ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza, ukwihangana, uguharirana, n’urukundo .

IVYO MPWEMU AHISHURA:  » Ni mubohoke ku moko, amadini, intara, imiryango, ishari, inzigo n’ibindi vyaha bikunda kubizingirako kugira ngo mubeho amahoro »

IMITWARO: Ugusengera imitwaro y’abaremwe bose

– Abashumba b’ihanga ry’Imana bose, ingendo zitandukanye barimwo, imigambi y’iterambere iriko irarangugwa, imigambi yo gufasha abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, impunzi n’abapfunzwe.

– Gusengera igihugu c’Uburundi ngo Imana ishitse ivyiza vyose yagisezeraniye, gusengera abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, impunzi abapfunzwe n’abana bo mwibarabara.

– Kubicaniro twarungitse amazina yabagwaye baremvye abari kumisego n’abagiye kuvurigwa mu mahanga,mukubasengera ni ukubavuga amazi naho bari kugira ngo tuzokwumve intahe zabo yuko Yesu yabakijije.

Ni dusangwe Imana , uBurundi n’Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 30/10/2018

Umushumba w’Ihanga ry’Imana

http://www.abisezerano.com