
2TIMOTEYO 2:1-2 Weho mwana wanje,ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,kand’ivyo wanyumvanye mu maso y’ivyabona vyinshi, ubishikirize abantu bo kwizigirwa,bashobora kuvyigisha n’abandi.
Mbega wewe, urafise ubushobozi? Uri uwo kwizigirwa? Urashobora kwigisha abandi?
Mbega wewe ivyo wigishwa canke wigishijwe uri umwizigirwa wo kuvyigisha abandi? Kuba Umunyeshure ni vyiza, ariko mu give cavyo. Iyo wize kandi ugashikana kurugezo rwo kwishimirwa,uraheza ukaba uwo kwigisha abandi. Rero ntiwigumizemwo amajambo y’Imana wigishijwe kandi hariho abandi babereye kwigishwa nawe ivy’agakiza.
Twahamagariwe kuvugaYesu a mu batamuzi kugira ngo bamumenye,nimba utabigenza uko hariho ico ugihajije.
Uratumwe Kuvuga Yesu,nico kizokugira intumwa ya Yesu Kristo. Reka kugira isoni zo kumuvuga kuko nawe ntiyagize isoni zo kugucungura.
Dusenge: Uhoraho turagushimiye kuko waduhaye kukumenya,shoboza abantu bawe gukora ivyugomba no kumenyekanisha inkuru nziza y’agakiza ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen.