Abashika 2600 bafashwe ku nguvu ni bo bituye abaganga batagira imbibe i Kananga muri RD Congo

Abaganga batagira imbibe bavuga ko bavuye abantu bagera ku 2.600 bafashwe ku nguvu mu gisagara kimwe gusa kuva mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze. 

Ico gisagara ni Kananga co muri RD Congo – igihugu aho ugufata ku nguvu bibandanya gukoreshwa nk’ikigwanisho mu ntambara.

Ico gisagara kiri hagati mu ntara ya Kasai, imwe mu ntara zikenye cane muri RD Congo, hakaba haradutse intambara ishingiye ku bwoko mu ci ryo mu 2016.

Icegeranyo kiravuga ido n’ido y’ivyabashikiye bibabaje, harimwo umupfasoni yafatiwe ku nguvu iruhande y’ikiziga c’umugabo wiwe, umwana w’imyaka itanu yafashwe ku nguvu n’umusirikare hamwe n’umugabo yategetswe gufata ku nguvu umubanyi wiwe.

Mu bavuwe n’iryo shirahamwe rifasha abagowe, abarenga 150 bari musi y’imyaka 15, abandi n’imiburiburi 20 bari musi y’imyaka itanu.

Publicités