Namibia bavuga ko ikibazo c’uburyo arico catumye hafatwa ingingo yo kwikura mw’itangura ry’inkino zo gukuranamwo zerekeza igikombe ca Africa mu mupira w’amaguru w’abafise munsi y’imyaka 23, ari nazo zizotuma hamenyekana ibihugu bizoserukira Africa mu nkino za Olympique za Tokyo mu 2022. Namibia bikuye mu rukino rwobahuje na Angola bahana urubibe ku ndwi iza kuko badafise uburyo bwo gufata urwo rugendo.
Vyari bitegekanijwe ko bakina urukino rwa mbere ku wa gatanu i Luanda hanyuma bakakira urukino rwo gusubiza i Windhoek itariki 20 ukwezi kwa 11.
N’ukuvuga ko Angola iciye ishika mu gice gikurikira aho izokina na Africa y’Epfo yakinye iryo higanwa mu gisata c’abagabo mu nkino za Olympique ziheruka zabereye muri Brezil.